USA : Umuririmvyi XXXTentacion yitavye Imana arashwe

Umuririmvyi w’umunyamerika yaririmba mu mudiho wa RAP yari amaze kumenyekana cane XXXTentacion yarashwe n’abagizi ba nabi, imbere y’uko yitaba Imana ivyababaje abakunzi b’umudiho wa Hip Hop.

XXXTentacion asanzwe yitwa Jahseh Dwayne Onfroy yarashwe ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018 igihe yari avuye aho bagurira imodoka mu gace ka Broward mu Bumanuko bwa Reta ya Florida.

Amakuru y’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko XXXTentacion w’imyaka 20 yarashwe n’abagabo babiri bari bitwaje inkoho, vyikekwa ko bamwishe bashaka kumwiba imodoka agenderamwo naho atayo bashoboye gutwara kuko abatabara baciye bashika kare.

Igipolisi co mu gace ka Broward camenyesheje ko XXXTentacion [Jahseh Onfroy] agiheza kuraswa yaciye ajanwa mu bitaro hafi yaho abaganga bagerageza kumuvura ariko ahava yitaba Imana.