Igihugu ca Reta Zunze ubumwe za Amerika cikuye mu murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe ivy’agateka ka zina muntu,ico gihugu cagiriza uwo murwi guhengama ku bijanye na poritike.
Nikki Haley aserukira Reta zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko uwo murwi ujejwe ivy’agateka ka zina muntu ugizwe n’abantu b’indyarya kandi bakora akazi bajejwe ku nyungu zabo.
Abakwirikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu, bamenyesha ko kubona Amerika ivuye mur’uwo murwi wa ONU bizobangamira ibikorwa vyo kugenzura no gutorera inyishu ibibazo vyo kutubahiriza agateka ka zina muntu kw’isi.
António Guterres asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa ONU yamenyesheje ko vyari kumuryohera igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika kibandanije kiri mur’uwo murwi.
Zeid Ra’ad Al Hussein asanzwe akora mur’uwo murwi yamenyesheje ko ari umubabaro kuribo ariko bidatangaje.