Melchiade Nzopfabarushe yarahagaritswe arapfungwa kubera yuko yavuze amajambo acanishamwo abanyagihugu aho bariko baramamaza itogwa ry’ihinyanyugwa ry’ibwirizwa shingiro. Kuri uyu munsi yatezuriwe asubira mumuryango wiwe. Ubu aridegevya. Iryo tezurigwa ryiwe ryakiranywe urweze abo mumuryango wiwe. Mugabo rero naho biri uko, umuntu yokwibaza yuko atabandi barundi bari mu mabohero botezurigwa nabo bakaja mumuryango yabo.