Melchiade NZOPFABARUSHE yagirijwe kuvuga amajambo acanishamwo aridegenvya

Melchiade NZOPFABARUSHE umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD yagirizwa ko yatanze ubutumwa burimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’ugutyoza umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi,aridegemvya kuva kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2018.

Amakuru atangwa n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko Melchiade NZOPFABARUSHE yidegemvya kuko yahanishijwe na sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura igihano c’amezi 4 mu gateganyo ku mwaka umwe.

Melchiade NZOPFABARUSHE yagirijwe ko kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018, muri komine ya Kabezi, yashikirije amajambo arimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’ugutyoza umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Ayo majambo yayashikirije abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bari mu nama uwo Melchiade NZOPFABARUSHE yari yatumiwemwo.

Umushikirizamanza mukuru yamusabiye kuri ivyo vyaha vyose yagirizwa umunyororo w’imyaka itandatu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atatu.

Inyuma y’umwiherero yamaze nk’iminota mirongo itatu, Sentare nkuru ya Bujumbura yamuciriye umunyororo w’imyaka itatu.

Umushingwamanza Alexandre NDIKUMANA, aburanira Melchiade NZOPFABARUSHE ico gihe yamenyesheje ko atashimye urubanza rwaciriwe uwo aburanira, agiye kwunguruza.