Yesu ashimwe cane. Shalom!
2TIMOTEYO 3:1-5 Ariko umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw’abantu bazoba bikunda gusa,bakunda amahera,birarira,bibona,batukana,batumvira abavyeyi,intashima,abanegura ivy’Imana,badakunda n’ababo,banka kwuzura,barementanya,batigarura,inkazi,badakunda ivyiza,abaguranyi(kugura),ibirandamuke,abikakisha,bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana,bafise ishusho yo kwubaha Imana,ariko bahakana ubushobozi bwakwo: abameze batyo wame ubatera ibitugu.
Mwene data ico ngusaba nuko wosubiramwo ugasoma neza ayo majambo ari hejuru hama usenge Imana kugira ngo utahuzwe.
Mbega muri ivyo vyakamaramaza ntanikimwe coba kirimwo kigufata?(kikwagira), Niwirabe neza imbere n’inyuma,ivyo usanga vyaramaze kugutwara canke vyifuza kugutwara akayombekere,uvyiyambure mw’izina rya Yesu.
Mana Data ndagushimiye cane,urakoze ko uduhaye uwundi mwanya wo kwisuzuma,none dushoboze twisuzume aho vyatunaniriye utwambike imbaraga zo kunesha ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.