Ihanga ry’Imana abisezerano ribipfurije kugira isabato nziza. Akabazo ni : MBEGA UFISE ABAGENZI BEZA? UHORAHO AKWIPFURIZA KWIFATANYA N’ABAFISE IMICO MYIZA
1/Abo mugendana bafise imico n’imigenzo runtu biragira inkurikizi nziza ,kubuzima bwawe,
Imigani 29:2_Iy’abagororotsi bagwiriye,abantu baranezerwa,Arikw iy’umunyakibi aganza, abantu baraniha.
2/Impanuro runtu uhabwa n’abo mugendana ziratuma IMANA nayo ituma ugira imigisha.
Imigani27:10_ntugahebe umukunzi wawe ubwawe,n’umukunzi wa so,Kandi ntuje kwa mwene wanyu ku musi uboneyekw amagogwa. Umubanyi wo hafi aruta mwene wanyu ari kure.
3/Urukundo ugirira abo mwamana birazana imigisha mumuryango.imigani.
27:9_Ukw amavuta atamirana n’ibimota neza binezereza umutima ,ni ko n’uburyohe bw’umukunzi w’umuntu bumeze,buvuye mu nama zo mumutima.
4/Kuyaga amahoro ahuri hose biratuma wubahwa.
Imigani 24:26_Uwishuye ibiroranye biba bibaye nk’indamukanyo nziza.
5/Gufasha abandi kwegera IMANA numugisha uzobona munyuma,
Imigani 30:5_Ijambo ryose ry’IMANA riravugutiwe ni yo nkinzo y’abayizigira.
6/Guhanura nogusukamwo mabisi abagiranye amatati n’ibwo BUKRISTO NYAKURI.
Imigani 29:26_Benshi barondere kwitonesha k’uganza,Arik’ukuroranirwa kw’umuntu kuva k’UHORAHO.
7/Erekana ico umuze mukurusha abandi gukora ivyiza,noho bokurusha A,amashure,B,ubutunzi,C,ubukuru,d,kumenyekana,E,ubutware nibindi nibindi……
Imigani 30:14_Har’urunganwe rw’abantu,Amenyo yabo ni nk’inkota,n’ibijigo vyabo ni nk’inkota,ngo batsontsomere impahazwa bazimere mw isi,n’aboro babamare mu bantu.
8/Ntiwihebure,bivanye,Nuko,wavutse,nk’intara uvukamwo,n’ubwoko uvamwo,IMANA yiteguye kugushira hejuru nka ESITERI na MORODOKAYI,
Imigani 27:1_Ntukirate ivy’ejo,kuk’utazi ivyo umusi uzovyara.
9/Umira KUMANA ntutezure naho wuterwa nimpagarara uzogarukirwa na RUTARE iyo urembejwe nivyaha, canke ivyago.YESU niwe mutabazi..
23:23_Gura ukuri,ntugushore,Bo n’ubwenge n’indero nziza.n’ubukerebutsi.
10/ntihagire abandi conke ibindi wishimira , akarorero YOBU, ABAGENZI baramuvuyeko bose numugore wiwe arimwo,ubutunzi burahera bwose,YESU KRISTO niwe ncuti yukuri idahinduka wenyene,abo wita incuti magara wame uziko bikomeye,baraguta, nabavyeyi barakwihakana,nabana wivyariye Nuko,
Imigani 19:23_Kwubaha UHORAHO kuzana ubugingo,kand’umwubaha azorara ahaze,ivyago ntibizomutera.
AMEN HiMBAZWA MWAMI YESU