Reta y’Uburundi ivuga ko ibandanya kwitegurira kwakira inama ya COMESA, gushika umunsi abakuru b’ibihugu bigize iyo nama bazokoranira bemeze ko iyo nama itakibereye mu Burundi, nk’uko vyashikirijwe n’ubuyobozi bwa COMESA.
Filipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko kuba Uburundi bwaratanguye kwitegurira iyo nama, ari kubera hari amasezerano Reta Uburundi na COMESA bateyeko umukono, ayo nayo akaba ariyo yatanga uburenganzira bw’ugutangura kwitegura
Kubwa Filipo NZOBONARIBA, abatanga amafaranga yokoreshejwe muri nama aribo ubumwe bwa Buraya, nibo baremereye abafata ingingo muri iryo shirahamwe, bemeza ko iyo nama itakibereye mu Burundi.
Nk’uko yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Bururi kuri uwu wa gatanu, Uburundi kubera bufise amakete y’ukwitegura, ico gikorwa kirabandanya gushika aho inama y’abakuru b’ibihugu izokoranira, yemeze ko iyo nama itazobera mu Burundi. Naho biri ukwo, Firipo NZOBONARIBA aremera ko umwizero bw’Uburundi bw’ukwakira iyo nama ari muke.
Mu gihe iyo nama yobera i Lusaka muri Zambiya nk’uko vyashikirijwe na COMESA, Reta y’Uburundi yemeza ko izokwitwara, amafaranga yose yakoreshejwe mu myiteguro iyasubizwe.