Ikigo kijejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, cashize ahabona isanamu y’ikarata nshasha igiye guhabwa abamenyeshamakuru bakorera mu Burundi.
Iyo karata ifise hejuru igicapu kiranga igihugu c’Uburundi I bubamfu, ikagira kandi igicapu cerekana ikingo kijejwe gucungera uko ibinyamakuru bikora CNC, mu buryo.
Munsi y’ivyo bimenyetso hari ikibanza kijamwo isanamu y’umumenyeshamakuru I buryo, hamwe n’ahaja amazina, akazi, inomero z’ikarata, izina ry’umukoresha, umwaka izoherezako gukora, munsi ya vyose haja igikumu c’ikigo CNC.
Ico gicapu c’ikarata igiye guhabwa abamenyeshamakuru gisohotse, inyuma y’indwi irenga gato habaye ukubisikanya hagati y’uwahora arongoye CNC, Ramadhan KARENGA, na Nestor BANKUMUKUNZI yamusubiriye, uwo nawe akaba yahora ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru.