Ubuyobozi bw’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO rimenyesha ko, kur’uyu wa kabiri amakaritiye yo muri komine Muha na Mukaza zo mu gisagara ca Bujumbura zitazoba zifise amazi. Ubwo buyobozi bumenyesha ko amazi azokena kuva isaha zibiri z’igitondo.
Nk’uko biri mw’itangazo ryashizweko umukono n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO, Simeon HABONIMANA, iryo kena ry’amazi rizova ku bikorwa vyo gusanura aho umuringoti ujana amazi watobotse mu gisagara hagati.
Muri iryo tangazo, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO, amenyesha ko ishirahamwe REGIDESO ibishoboka vyose vyakozwe kugira ico kibazo mizomare umwanya muto.
Ubuyobozi bw’ishirahamwe REGIDESO bugasaba ababa muri izo komine za Mukaza na Muha, gufata ingingo zijanye n’iryo kena ry’amazi.