Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwagatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi.
URUFATIRO
« IMANA IJE KUTWEGERANYA NO KUTUGARUKAKO »
IBISOMWA
-Ezechiel 39: 25-29
– Itanguriro 18:9-14; 21:1-3
INDIRIMBO
158; 172; 77; 147; 354; 101
IVYO MPWEMU AHISHURA
1. Abantu barasanzaye:mumitima, muvyiyunviro, mubutunzi, mu mibano banasanzarira mu bihugu no mumihingo itandukanye. Baba ari impunzi za politique canke Izinzara …….(Imana irirahiye ko igiye kubegeranya ikanabamara umubabaro :Ezechiel 39: 25s )
2. Abantu barihebuye kubera kumara mubibazo ibihe birebire (ubukene; inzara; indwara; ibigeragezo bitandukanye…..) ariko ngo igihe kigeze Imana yibuka sara na abrahamu ibaha umwana.
IVYO GUSENGERA
-indongozi z’Ihanga na b’isezerano bose;
-Abihebuye bataye nivyizigiro nka sara
-Impunzi zubwoko bwose: politique , inzara, ubushomeri, amadeni…..
-abugarijwe n’amarushwa.
-abapfungiwe mumabohero atandukanye.
-Abagwayi, impfuvyi n’abapfakazi.
-mwibuke gusengera umuvyuro muvyo impwemu.
Tubaye turabashimira akigoro kanyu ko gusengera igihugu na beneco.
Ni dusangwe Imana -Uburundi n’Isezerano
Bigiriwe I Bujumbura le 26/06/2018