Amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi

Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwagatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi.

URUFATIRO

« IMANA IJE KUTWEGERANYA NO KUTUGARUKAKO »

IBISOMWA

-Ezechiel 39: 25-29

– Itanguriro 18:9-14; 21:1-3

INDIRIMBO

158; 172; 77; 147; 354; 101

IVYO MPWEMU AHISHURA

1. Abantu barasanzaye:mumitima, muvyiyunviro, mubutunzi, mu mibano banasanzarira mu bihugu no mumihingo itandukanye. Baba ari impunzi za politique canke Izinzara …….(Imana irirahiye ko igiye kubegeranya ikanabamara umubabaro :Ezechiel 39: 25s )

2. Abantu barihebuye kubera kumara mubibazo ibihe birebire (ubukene; inzara; indwara; ibigeragezo bitandukanye…..) ariko ngo igihe kigeze Imana yibuka sara na abrahamu ibaha umwana.

IVYO GUSENGERA

-indongozi z’Ihanga na b’isezerano bose;

-Abihebuye bataye nivyizigiro nka sara

-Impunzi zubwoko bwose: politique , inzara, ubushomeri, amadeni…..

-abugarijwe n’amarushwa.

-abapfungiwe mumabohero atandukanye.

-Abagwayi, impfuvyi n’abapfakazi.

-mwibuke gusengera umuvyuro muvyo impwemu.

Tubaye turabashimira akigoro kanyu ko gusengera igihugu na beneco.

Ni dusangwe Imana -Uburundi n’Isezerano

Bigiriwe I Bujumbura le 26/06/2018

http://www.abisezerano.com