hahirwa umuntu ashira ivyozigiro vyiwe k’UHORAHO,kandi ntahindukirire abibone,conk’abizimagiriza mu binyoma.

đŸŒˆÂźïžABATAHA JURU,TWIRINDE IBIDUTESHA INTUMBERO,ZABURI 40:4_hahirwa umuntu ashira ivyozigiro vyiwe k’UHORAHO,kandi ntahindukirire abibone,conk’abizimagiriza mu binyoma.đŸŒˆÂźïž

1/Habaye umwami akaba yarafise

umukobwa mwiza caane , hanyuma

amumenyereza amahiganywa yo

gusiganywa yiruka guhera mu bwana

bwiwe hanyuma ageze mu bigero

abasore bose bakifuzva kwubakana

nuwo mukobwa umwami abibonye

asohora itangazo ati: umusi munaka

umuntu wese yifuza kuba umukwe

wanje azotonde kukirimba isango igeze

baza arisinzi arababwira ati jewe

ntakindi ndabasaba umukobwa wanje

nguyo ariruka hanyuma mumwirukeko

uwutangura kumufata niwe aca

amutwara aje kumubera umufasha

wiwe ubuzima bwiwe bwose!! Ati kandi

ntayindi nkwano ndabasaba ivyo bizoba

bikwiye ubwo ihiganywa riba

riratanguye wamukobwa nguyo arirutse

bamwirukako ariko yirukankana

agasakoshi kuzuyemwo amahera

yabona ararushe abasore bagira

bamushikire agaca aterera amahera

hasi babasore bagaca baja gutora

yamahera bayagwanira nawe akaba

ariruka hanyuma habamwo agahungu

kaga kene katari kazi no kwiruka cane

kamugumako nubundi yabona kagira

kamufate agaterera amahera hasi

ntikanayarabe kakaguma kamwirukako

babandi bayashikira bagatangura

kuyarwaniramwo bakibagira

icabazindukanye vyatevye kagahungu

ka gakene kifitiye nimbaga nkeyi

karamufata yarushe kati ndagucakiye

umwana wa mutama karamutwara no

kumwami kati nguyu ndamutahiye kati

jewe sinari nazanywe namafaranga nari

nazanywe numugeni: Umwami afata

ijambo arashima aramugabira ati burya

sinarondera umukwe wigihangange

atunze cnk amenyekana cane nashaka

umukwe afise urukundo nyarukundo

azonkundira umukobwa akamurutisha

ubutunzi nayandi maronko yose ati

umugeni uramutahiye abo bandi bose ni

basubire inyuma ikibazo cabananiye

nibatahukane ayo mahera kuko niyo

bakoreye kagahungu kagakene kaba

umukwe w,umwami gaca gahinduka

akanyacubahiro kaba agatunzi kuko

kamenye ico karondera. Ncuti nawe

urimwihiganywa uriko uhiganirwa

ubugingo budashira reka gutora utwo

shetani agutereye kugira ngo akubuze

gushika ah,Imana yaguteguriye komeza

wihangane impera n,imperuka uzoshika

Imana idufashe kandi iduhezagire.đŸ‘Âźïž

2/ivyahishuriwe yohana 22:15_inyuma bazoba imbwa n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana,n’umuntu wese akunda kubesha akabikora👏 AMEN HiMBAZWA MWAMI YESUđŸ‘Âźïž