đÂźïžABATAHA JURU,TWIRINDE IBIDUTESHA INTUMBERO,ZABURI 40:4_hahirwa umuntu ashira ivyozigiro vyiwe k’UHORAHO,kandi ntahindukirire abibone,conk’abizimagiriza mu binyoma.đÂźïž
1/Habaye umwami akaba yarafise
umukobwa mwiza caane , hanyuma
amumenyereza amahiganywa yo
gusiganywa yiruka guhera mu bwana
bwiwe hanyuma ageze mu bigero
abasore bose bakifuzva kwubakana
nuwo mukobwa umwami abibonye
asohora itangazo ati: umusi munaka
umuntu wese yifuza kuba umukwe
wanje azotonde kukirimba isango igeze
baza arisinzi arababwira ati jewe
ntakindi ndabasaba umukobwa wanje
nguyo ariruka hanyuma mumwirukeko
uwutangura kumufata niwe aca
amutwara aje kumubera umufasha
wiwe ubuzima bwiwe bwose!! Ati kandi
ntayindi nkwano ndabasaba ivyo bizoba
bikwiye ubwo ihiganywa riba
riratanguye wamukobwa nguyo arirutse
bamwirukako ariko yirukankana
agasakoshi kuzuyemwo amahera
yabona ararushe abasore bagira
bamushikire agaca aterera amahera
hasi babasore bagaca baja gutora
yamahera bayagwanira nawe akaba
ariruka hanyuma habamwo agahungu
kaga kene katari kazi no kwiruka cane
kamugumako nubundi yabona kagira
kamufate agaterera amahera hasi
ntikanayarabe kakaguma kamwirukako
babandi bayashikira bagatangura
kuyarwaniramwo bakibagira
icabazindukanye vyatevye kagahungu
ka gakene kifitiye nimbaga nkeyi
karamufata yarushe kati ndagucakiye
umwana wa mutama karamutwara no
kumwami kati nguyu ndamutahiye kati
jewe sinari nazanywe namafaranga nari
nazanywe numugeni: Umwami afata
ijambo arashima aramugabira ati burya
sinarondera umukwe wigihangange
atunze cnk amenyekana cane nashaka
umukwe afise urukundo nyarukundo
azonkundira umukobwa akamurutisha
ubutunzi nayandi maronko yose ati
umugeni uramutahiye abo bandi bose ni
basubire inyuma ikibazo cabananiye
nibatahukane ayo mahera kuko niyo
bakoreye kagahungu kagakene kaba
umukwe w,umwami gaca gahinduka
akanyacubahiro kaba agatunzi kuko
kamenye ico karondera. Ncuti nawe
urimwihiganywa uriko uhiganirwa
ubugingo budashira reka gutora utwo
shetani agutereye kugira ngo akubuze
gushika ah,Imana yaguteguriye komeza
wihangane impera n,imperuka uzoshika
Imana idufashe kandi iduhezagire.đÂźïž
2/ivyahishuriwe yohana 22:15_inyuma bazoba imbwa n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana,n’umuntu wese akunda kubesha akabikorađ AMEN HiMBAZWA MWAMI YESUđÂźïž