UBWO URUNANI CNARED RWOBA RUZOSIMBA IMANGA UMUGAMBWE SAHWANYA FRODEBU N’URUNANI ADC-IKIBIRI VYASIMVYE?

Inyishu y’ico kibazo iragoye gutanga. Ikizwi n’uko bigoye ko urwo runani CNARED rusimba imanga mu gihe abagabo babiri Dr Yohani MINANI na Anicet NIYONKURU batoteshwa ngo bate. Uwambere azwi nk’uwaciriye icobo umugambwe SAHWANYA FRODEBU awudandaza kwa Petero NKURUNZIZA, uwa kabiri nawe azwi kuba yarashatse gusambura ADC-IKIBIRI nawene ayidandaza kwa Petero NKURUNZIZA.

Muri benshi mumaze imisi mukwirikirana ivyandikwa ku runani CNARED. Icigaragaza n’uko abo bagabo babiri barahiye bararengwa ko batarota bava ku burongozi bwa CNARED.

Hari urwandiko Anicet NIYONKURU ariko arakwiragiza yiyita *uwakwirikiranye inama y’Urwego rukuru rwa CNARED yabaye kuva kuri 25 gushika 27 rusama 2018 mu Bubiligi*. Usomye neza urwo rwandiko urabona neza ko umunoho w’ubutegetsi wa Dr Yohani MINANI afadikanije na Anicet NIYONKURU ariwo nkomoko y’icuka kibi kiri mu runani CNARED.

Mururwo rwandiko, Anicet NIYONKURU ashimikira ko batarota batanga ubutegetsi bwa CNARED ikiringo batorewe kidaheze mu kwezi kw’umunani. None mbega umuntu atowe mu mabanga aba aronse uburenganzira bwo kwigenza uko ashatse ngo nuko yatowe ntashobora kuhava adahejeje ikiringo? Mbega aca agira inguvu ziruta abanyagihugu bamutoye? Oyaye haba namba, umuntu atowe , abo arongoye baguma bafise ububasha bwo guhagarika ikiringo ciwe, ubutegetsi si icibare umuyobozi atakwa.

Ntituja muvy’amategeko agenga urunani CNARED kuko ntabumenyi tuyafimwo, ariko biragaragara neza ko mugushaka kuburabuza inama we nyene yari yatumyeko ku matariki 25-27 Rusama 2018, Dr Yahani MINANI yanka ko hatogwa amategeko mashasha yotuma aca ava ku butegetsi bwa CNARED. Ibi bigaragaje ko atari mu runani CNARED ngo afashe urugamba, ariyo ku nyungu ziwe kandi ntashaka kuva ku burongozi kuko afise inyungu ziwe abikuramwo zitandukanye n’inyungu z’abarundi bugarijwe n’amakuba batewe n’ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Mbega ko tuzi neza ko mu gukura umushingamateka NYANGOMA Léonard ku burongozi bwa CNARED vyaciye mu guhindura amategeko ari naho havuye ikiringo c’amezi icenda, ariko intumbero nyamukuru kukaba kwari guhindura inzego, ko ataciye agararina abagize urwego rukuru rwa CNARED ngo ashake kuburagiza inama mu ntumbero yo kwigumiza ku butegetsi bwa CNARED? Kuko atanyungu ziwe yariko araharanira, umushingamateka NYANGOMA yarabona neza ko ayo mategeko mashasha ashizweho mu ntumbero yo kumukura, ariko yarayaretse aratogwa mbere arayashirako umukono, atako aranatunganya amatora yisunze ayo mategeko mashasha, haraheza hatogwa Dr Yohani MINANI ari nawe yamuteze imitego yongera arakokeza cane kugira ayo mategeko mashasha yakuye NYANGOMA atogwe. Kuki none uwo Dr Yohani MINANI atari gukwirikiza akarorero k’uwo yasubiriye?

Mbega iyo NYANGOMA nawe yitwara nka Yohani Minani akanka kuva ku burongozi bwa CNARED vyari kugenda gute?

NIKO YAMYE, NTAGITANGAJE.

Kuva mu mwaka w’i 1995, Dr Yohani MINANI niwe yaramutswa umugambwe SAHWANYA FRODEBU. Niwe yawuserukiye mu biganiro vy’amahoro vyabereye i Arusha muri Tanzaniya, mbere ahava aba umukuru w’inama nshingamateka kw’izina ry’uwo mugambwe.

Mu mwaka w’i 2008, hagaze ko akoregwa mu ngata ku burongozi bw’uwo mugambwe washinzwe n’incungu ya Demokarasi Melchior NDADAYE, uwo Dr Yohani MINANI yaciye awudandaza kwa Petero NKURUNZIZA biciye mu gushinga ishami ryitwa FRODEBU NYAKURI. Iryo shami ryashinzwe mu gihe ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bwari bugire busenyuke bivanye n’uko abashingamateka b’umugambwe CNDD-FDD bari bigabuyemwo kabiri : abashigikiye Petero NKURUNZIZA n’abashigikiye umushingamateka Hussein RADJABU.

Dr Yohani MINNI amaze kudandaza umugambwe SAHWANYA FRODEBU kwa NKURUNZIZA, vyatumye uwo NKURUNZIZA aca aronka abashingamateka bandi bavuye muri FRODEBU, gutyo aronka ibitigiri bimufasha gutora itegeko ryo kwirukana mu mugambwe CNDD-FDD no mu nama nshingamateka, abashingamateka batari bakimuyoboka na cane cane bamwe 22 bari bashigikiye Hussein RADJABU. Uko niko ubutegetsi bwa NKURUNZIZA bwazutse mu mwaka w’i 2008.

Amatora y’abahanuzi b’amakomine yabaye mu mwaka w’i 2010 yabayemwo amanyanga menshi, bituma imigambwe itavuga rumwe na Leta yose iva mu matora yokwiriye ica ishinga urunani ADC-IKIBIRI.

Kugira ngo ashobore gutunganya inkinamico y’amatora yakwirikiye, Petero NKURUNZIZA yikoze kuruwo muhemu Dr Yohani MINANI aja ku maradiyo y’isi yose amenyesha ko atamanyanga yabaye mu matora, baraheza bafadikanya na NKURUNZIZA gutunganya amatora y’inkinamico yakwirikiye abatavuga rumwe na Leta bose bayavuyemwo ; gutyo uwo Yohani MINANI aba azuye ubutegetsi bwa NKURUNZIZA ubugira kabiri.

Itoteza Petero NKURUNZIZA yagiriye abo batavuga rumwe mu kiringo ciwe ca kabiri, yarifashijwemwo n’uwo muhemu Yohani MINANI.

Aho uwo Dr Yohani MINANI yizigitira ku burongozi bwa CNARED, nuko bizwi neza ko hari ibiganiro vyo mu kinyegero ariko aragiriranira na NKURUNZIZA mu ntumbero yo gutahana urunani CNARED. Amatwi adusumira vyoba biri no muvyatumye abagize CNARED bafata ingingo yo guhagarika ikiringo ciwe cari gisigaje amezi abiri ngo gihere. Amakuru dukura muri CNARED n’uko kuva igihe Alice NZOMUKUNDA na Mathias BASABOSE bari basanzwe bahuza ubutegetsi bwa NKURUNZIZA na Dr Yohani MINANI bishikaniye mu maboko ya NKURUNZIZA, uwitwa Jean Marie RURIMIRIJE afadikanije na Domitien NDAYIZEYE nibo bariko barahuza mu kinyegero Yohani MINANI na Petero NKURUNZIZA.

Ico Dr Yahani MINANI yapfuye n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA si amasezerano y’amahoro ya Arusha nkuko uwo Yohani akunda kubiririmba. Mu mwaka w’i 2014, Petero NKURUNZIZA yashaka guhindura ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi kugira asubire yitoze ubugira gatatu mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu. Mu masezerano yari yagiriraniye na Dr Yohani MINANI, n’uko abashingamateka bakomoka muri wa mugambwe FRODEBU NYAKURI wakorera ubutegetsi bose bari gutora iyo nteguro y’Ibwirizwa nshingiro hanyuma hejuru yo kugumizwa mu kibanza c’ubushingamateka bwa Africa (parlementaire panafricain) yahawe igihe ashigikiye amatora y’ikinyoma yo mu mwaka w’i 2010, Dr Yahani MINANI agahabwa n’ubutegetsi amafaranga imiriyoni imwe y’amadorari. Ariko ku munota wanyuma, uwo Dr Yahani MINANI yaciye ahindura asaba imiriyoni zibiri, ubutegetsi bwa NKURUNZIZA nabwo burayamwima buvugako ari menshi cane. Ukwo kudadika kw’ubutegetsi kwatumye iryo bwirizwa nshingiro ridatorwa, maze gucanamwo kwa Yohani MINANI na Petero NKURUNZIZA guca guhera ngaho, Yohani MINANI aca ahungira mu batavuga rumwe na Leta nabo bapfa kumwakira bibagira ubuhemu bwiwe.

Ubu rero kugira basubirane na NKURUNZIZA, Yohani MINANI ategerezwa kuronka ingemu amugemurira ; amatwi adusumira akaba yamwemereye CNARED ngo itahe ihinduke nk’umugambwe iheze yitegurire amatora yimirije mu Burundi.

Iruhande ya Yohani MINANI, hari uwitwa Anicet NIYONKURU azwi neza ko ari umuntu atonda aho bihiye.

Anicet Niyonkuru azwi mu kinyamakuru ciwe Nyabusorongo cigeze kuba kibiba amacakubiri y’amoko mu Burundi igihe CNDD-FDD yariko iragwana. Igihe urunani CNARED rushigwa igenekerezo rya 1 ukwezi kw’umunani 2015 i Addis-Abeba, Anicet NIYONKURU yari yiyicariye mu gihugu c’Ubudagi. Ivyabera i Burundi mu gihe c’imyiyerekano yabirabira ku mboneshakure gusa kurya umuntu araba i cinéma.

Mu nyuma Anicet NIYONKURU yahavuye asaba kwinjira mu runani CNARED kandi aremeregwa abifashijwemwo n’umushingamateka Léonard NYANGOMA yatwara urunani ico gihe kuko yashaka abatavuga rumwe na Leta bose bashire inguvu hamwe. Igihe Léonard NYANGOMA aviriye ku burongozi bwa CNARED, Anicet NIYONKURU yaciye aba umunyamabanga nshingwabikora wa Yohani MINANI akuye NYANGOMA abicishije mu manyanga menshi.

Urwo runani rugitwagwa ubwambere na Léonard Nyangoma, Anicet NIYONKURU yari soma mbike wiwe ariko nticabujije ko afadikanya na Dr Yahoni Minani mu manyanga yatumye Léonard NYAGOMA akugwa, aho yironderera ikibanza ciwe co kuba umunyamabanga nshingwabikorwa wa Dr Yohani MINANI ahejeje gukura NYANGOMA. Kuva ico gihe, ntaco adakora kugira agume murayo mabanga kuko abifisemwo inyungu ziwe. Ubu amatwi adusumira tukabona n’inzandiko asohora, asigaye yariyonkoye ku nama nkuru ya CNARED ayoboka umuhemu Yohani MINANI kuko bose bakaba bashaka kuguma ku burongozi bwa CNARED bagwanire inyungu zabo.

IKIZWI NEZA NUKO ATONDA AHO BIHIYE.

Mu 2012, urunani ADC-ikibiri ruvutse, Anicet NIYONKURU yabaye muri bamwe mubagize urwo runani. Mu nyuma yahavuye akorana n’urwego rw’iperereza mu gushaka gusambura urwo runani. Amakuru dukesha bamwe mu bari bagize urwego rw’iperereza ry’uburundi ico gihe ariko bahavuye biyonkora kuri NKURUNZIZA, avugako Anicet NIYONKURU ariwe yakoreshwa n’ubutegetsi mu gutera imbuto mbi mu runani ADC-IKIBIRI kugira rusambuke. Muti gute?

Umwe mubo bakoranye mw’iperereza ry’uburundi harimwo umukenyezi akoresha izina rya Hilaire kumbuga ngurukana bumenyi aherutse gushira ahabona ko Anicet NIYONKURU yari yinjiye muri ADC-IKIBIRI afise intumbero yo kurusambura. Ikivyemeza nuko muri uwo mwaka yanditse ikete avugako avuye muri ADC-IKIBIRI abisabwe na Leta ya NKURUNZIZA ibicishije kuwari Ambassadeur w’Uburundi mu Bugiligi Ambassadeur Felix Ndayisenga. Amana amwe yo kwiga ukuntu ADC-IKIBIRI yosambuka yabereye mu gihugu ca Côte d’Ivoire ni Anicet NIYONKURU yayagirisha.

Anicet NIYONKURU yahavuye ataha mu Burundi aje guhembwa impembo y’akazi yari yemerewe ariko mu nyuma ntiyayishimye ahava asubira mu gihugu c’Ubudagi. Icatumye aronka impembo ntoya ico gihe nuko urunani ADC-IKIBIRI rwamunani gusambura.

Ubu rero Leta ya NKURUNZIZA ibicishije kuri mwene wabo,umuyobozi mukuru wa Bank BANCOBU akongera akaba bendahamwe na Petero Nkurunziza, yamwemereye impembo kandi ishimishije mu gihe yotaha kandi agakora kumwe yakora muri ADC-IKIBIRI kugira urunani CNARED rusambuke canke rugabanuke inguvu.

Mu cahoze ari CNDD-FDD, ubu bariko bagerageza gukora ibishoboka vyose kugira basambure CNARED abazemera gutaha i Burundi bashirwe mu nzego nshaha bitwa abatavuga rumwana Leta y’icahoze ari CNDD-FDD ; gutyo ngo bafashanye gutegura iyindi nkinamico y’amatora.

Ni muriyo ntumbero Anicet Niyonkuru afashanije na Dr Yahani Minani bafise igikorwa co gukora ibishoboka vyose bagume ku burongozi bw’urunani CNARED, vyanse bashireho ishami NYAKURI bazotaha bitwaje.

Anicet NIYONKURU benshi batazira NYABUSORONGO ntamuntu ataziko uwumwemereye ibipfungurwa ariwe akorera.Kuva agiriye mu vya politike akazi yahora akora mu gihugu c’ubudagi kahavuye gahagarara bituma bigorana muvyerekeye kubaho muri ico gihugu. Mwene wabo rero niwe yahavuye amwinginga amusaba gutana, niko rero kwemera gukorana n’ikirirahabiri Yohani MINANI mu gushaka gutahana urunani CNARED.

Ikigaragara n’ukuo mu runani CNARED iyo mikenyuro ya Yohani MINANI na Anicet NIYONKURU bamaze kuyimenya, ari naco gituma urwo runani rwaciye rwihutira gushiraho amategeko mashasha yaka inguvu

abo bagabo babiri akongera agategekanya ko basubirizwa mu kiringo kitarenze ukwezi kumwe kuva igenekerezo rya 26 Rusama 2018, ico kiringo kikaba gihera uno musi.

Mu gihe ikiringo cabo caheze uno musi nkuko amategeko mashasha abivuga, aho gusubiza ubutegetsi, abo bagabo babiri bahisemwo gukwiragiza inzandiko zindi z’ibinyoma bifatira mu gahanga bamwe bamwe mubihangange vyo muri CNARED vyarwanije bikwiye umugambi wo kugiriranira ibiganiro vyo mu kinyegero na Petero NKURUNZIZA atakindi vyari bigamije atari kudandaza CNARED ku butegetsi bw’uwo mubisha.

Abarundi barayamaze bati :imisi y’igisuma ni mirongo ine, iyo nayo yakwiye uno musi kurabo bagabo babiri Yohani MINANI na Anicet NIYONKURU.