itariki 27/6/2018 kuva 17h gushika 21h
Mu gihugu c’ Urwanda bakaba baraye birukanye abarundi baribagiyeyo gupagasa bakaba barenga amajana atatu(+300) hakaba harimwo nabari bamazeyo imyaka irenga cumi ariko bakaba barobanuyemwo abo basanze bafise ikarata y’ ubuhunzi bakaba binjiranye muri komine busoni kuri douane gasenyi bamwe bakaba batashe mumihana yabo bahoramwo abandi nabo bakaba baraye kuma position yaba sirikare abandi kuya bapolice mu marembo. Imvo nyamukuru ngo ni uko Urwanda ruguma rutegwa n’abantu baturutse I burundi bataramenyekana.