Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya?

YESAYA 43 : 19 Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse. Alleluyaaaaaaa. Imana ni Nziza bwoko bw’Imana ! Iyo Imana Ivuze biraba Yategeka bigakomera, Irirahiriye, Igir’Igukorere ikintu gishasha, oya sivyabindi wahora ubona, kandi ibicisha aho nyene ubona ko bidashoboka ibicisha mur’uwo nyene ubona ko ataciza comuvako, uko niko Imana Igize, kandi ugiye kukimenya. Eliya yarabibonye ari mû bugaragwa, Imana yamuciriye iriba ry’amazi abandi bishwe n’inyota Eliya ararya inyama n’umutsima bizanwa n’ibikona, abandi bishwe n’inzara, Imana ikoreshe ibikona bikuzanire mw’Izina rya YESU Imana Igucire iriba ritigera rikama mw’Izina rya YESU. Dusenge : Oh tukuzamuriye Icubahiro Nyakubahwa Ugize neza kutwereka uyu musi udasanzwe turakwinginze ng’Ushishikare kuturinda no kutuzitirira, tugaburire Papa Wera wa mutsima wagaburira Eliya akabandanya urugendo, udutwikirize imbabazi zawe ibikwiririye n’ibibereye ubiduhere ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen