I INGOMA 29 : 12 Ubutunzi n’ icubahiro ni wewe vyandurukako, kandi ni wewe uganza vyose; mu kuboko kwawe harimw’ububasha n’inkomezi; kandi ni wewe ushobora guha bose icubahiro n’ inkomezi. Alleluyaaaaaaa. Muntu w’Imana, nta wundi ubutunzi bukomokako nta wundi icubahiro gikomokako ni mûri YESU KRISTO, ni ku MANA yacu yaremye vyose iganza vyose mu kuboko k’ Uhoraho harimwo vyose, ic’usabwa n’ukuyigororokera, no kuyizera ukarindira ivyo igukorera. Ishaka ushira hejuru, Ishaka icisha bugufi, Ishaka ihindura amateka, Ntakiyinanira ni MUSHOBOBA VYOSE. Dusenge : Tuje imbere yawe Mana dushima ukugiraneza kwawe, urakoze Mukunzi Mwiza kuba utweretse uwundi musi, shishikara kuturinda Papa Wera uyu musi bize kumenyekana k’ Uri muri twebwe natwe turi muri Wewe, ibitangaza n’utwumiza bize gukoreka, icubahiro n’ inganje no Gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe, mw’Izina rya YESU CHRISTO, Amen