Abaharanira agateka ntibashima kwirukana abanyeshure batwaye inda mu Burundi, mu gihe ubushikiranganji bujejwe indero ariyo ngingo bwafashe.
Abategetsi ba leta y’u Burundi nta insiguro kuri ico cemezo bafise ariko urunani « BAFASHE BIGE » rwita ku ndero mu Burundi, rwavuze ko ico cemezo kibangamiye indero.
Abarundi imbere yo gufata ingingo barakwiriye ubwambere kubanza kwitaho kazoza k’abana b’Abarundi. Hakwiriye ahubwo kushigwaho ibwirizwa yuko umurundi wese ategerezwa kurangiza amashure yisumbuye.