Agathon Rwasa: “ Aba FNL bagiye mu kwaha kwa CNDD-FDD, ni bikubita agashi tuzobakira.” Vidéo

Umugambwe wa Agathon Rwasa naho utemewe n’amategeko werekanye yuko ufise abanywanyi bari inyuma y’ Umushingamateka Agathon Rwasa. Uyo mugambwe wagerageje kugira ikiganiro mugabo utasavye uburenganzira muri leta maze kiburizwamwo. Umuvugizi wawo Magera avuga yuko yari yatumiye Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu , ivyo navyo bikaba bidasigura gusaba uruhusha rwo kugira ikoraniro. Mukurikirane uko vyagenze. Naho biri uko, mu Burundi harakwiriye ukwishira n’ukwizana mu vya politike, mu guserura ivyiyumviro no muvyagateka ka zina muntu.