Ikanguro mu gihugu c’Uburundi no mu Barundi aho bari hose.

Ikanguro mu rindi jambo ni Umuvyuro. Ivyo bishika iyo abantu isinzi bihanye ivyaha vyabo maze bagahindukirira Uhoraho Imana kugira ngo bayikorere. Ico gihe Mpwemu w’Imana arururuka, agakora kumitima ya benshi ibitangaza bigakoreka, igihugu kigakira. Ico nico amashengero n’abavugabutumwa b’Abarundi bijukiye mûri ibi bihe.

Ntimutangwe kwifatanya n’abandi mukuja mubikorane nkiki categuwe , na cane cane muguhindukirira Imana. Kw’igenekerezo rya 7 na 8 zuku kukibuga ca camp Muha kugira ngo mwirabire ubushobozi bw’Imana.