Inama nshingamateka y’Uburundi yasozeye ibikorwa vyayo vy’isasa vy’ukwezi kwa kane kuruno wa gatanu igenekerezo rya 29 Ruheshi 2018.
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yamenyesheje ko murico kiringo c’isasa amategeko 2 makuru makuru ariyo yizwe muriy hakaba harimwo itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha muruyu mwaka wa 2018.
Pascal NYABENDA yavuze ko ibikorwa vy’inama nshingamateka bigiye kuzoja birisunga ibwirizwa nshingiro rishasha riherutswe gutorwa.
Uyo mukuru w’inama nshingamateka yaboneyeho akaryo ko gushimira umukuru w’igihugu ku ngingo yafashe yo kutazokwitoza mu mwaka wa 2020.