Mur’iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo baje gutera Abisirayeli.

I SAMUELI 28 : 1-2 Mur’iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo baje gutera Abisirayeli. Akishi abarira Dawidi, at’ Umenye neza ko mwe b’abantu bawe muzotabarana nanje mu rugamba. 2 Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo. Alleluyaaaaaaa. Reka ube uwo kwifuzwa mw’Izina rya YESU KRISTO. Reka nkubwire, abakwanka ni benshi, muri kumwe, muragendana murakorana, abaguhekenyera imisaya ni benshi, muramana, reka bakwifuze, reka bifuze inkomezi zikurimwo, inkomezi Imana Yagushizemwo, reka uce akenge nkako DAWIDI yaciye, kugira abakwihendako, abakwiyoberanyako, abakuvuga ivyo bishakiye, bamenye ico URIMWO wewe Musavyi w’ Uhoraho, wicishe bugufi nkuko DAWIDI yabigenje, kugira ngo wizigirwe n’ abakurwanya, kugira ngo ba bansi bawe bamenye Ubushobozi Imana Yagushizemwo. DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu, ntawakwizigiye azomaramara ntawakwiziye azokorwa n’isoni, tukuzamuriye Icubahiro Mana udukuye mû gitutu c’urupfu twarimwo hari benshi bahezemwo n’Ushimwe wa Mana We. Turakwinginze rero Data Wera ng’Ushishikare kuturinda ba shari na ba nzigo, usiribange ivyo vyose vyoza kwitambika imbere y’amaso yacu, Utwuzuze mw’ imbabazi n’Urukundo Mana, Utwuzuze mw’inkomezi zawe kugira ngo turwane tunesha nka Dawidi Icubahiro n’ Inganji no Gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu, Amen.