Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro rimenyeshako PARCEM rimenyeshako ibikorwa bijanye n’ivy’agateka ka zina muntu bikwiye kuba umwitarariko w’abantu bose kuko mu ntwaro rusangi vyitwararikwa na Reta.
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA,mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 29 Ruheshi 2018 yamenyesheje ko bandikiye ubushikiranganji butanu bwegwa n’ibijanye n’agateka ka zina muntu kuko ivyo gutosekaza agateka ka zina muntu bicibonekeza mu gihugu.
Faustin NDIKUMANA avuga ko muvyo batereye ubwo bushikiranganji kugira bubifatireko mu ntumbero yo guteza imbere ivy’agateka ka zina muntu ari ukwigisha buri muntu ku rwego rwiwe ibijanye n’ivyo afitiye uburenganzira n’ivyo adafitiye uburenganzira hamwe no kurwanya ukudahana.