Umuntu ni yavuga,ati nkunda IMANA,akanka mwene Data wundi,aba ar’umubeshi.

1YOHANA 1:1_2_3_4.

1.Icariho uhereye ubwa mbere na mbere,ico twumvise,ico twabonye n’amaso yacu,ico twitegereje,intoke zacu zikagikorako,ivyo kuri jambo w’ubugingo

2.kand’ubwo bugingo bwarerekanywe,turabubona,turabushingira intahe,kandi turababarira ivy’ubwo bugingo budashira,bwamanye na Data wa twese,tukabwerekwa.

3.ico twabonye tukacumva ni co tubabwira namwe,kugira ngo namwe mufatanye na Data wa twese n’umwana wiwe YESU KRISTO.

4.Twanditse ivyo kugira ng’umunezero wacu wuzure.

1YOHANA 4:20_21.

Umuntu ni yavuga,ati nkunda IMANA,akanka mwene Data wundi,aba ar’umubeshi.kuk’udakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda IMANA atabonye.

21.kandi dufise iki cagezwe kuri yo,ng’ukunda IMANA akunde na mwene Data wundi. ABAROMA9:14_15_16_17_18.

14.Nuko yabwiye MOSE,iti Nzogirira ikigongwe uwo nzokigirira,ngirire imbabazi uwo nzokigirira.

16.Ni co gituma bitava ku kugomba kw’umuntu,canke ku gushimika kwiwe,ariko Biba ku MANA igira ikigongwe.

17.Kukw ivyanditswe vyabwiye Farawo, ngw icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ubushobozi bwanje,kandi ngw izina ryanje rivugwe mw ISI yose 18.Nukw igira ikigongwe uw’igomba,kand’ikomantaza,umutima.w’uw’igomba.AMEN HiMBAZWA MWAMI YESU