
Haraheze iminsi havugwa umugwi w’intagondwa z’aba Islamu mu karere kamajaruguru y’igihugu ca Mozambike. Izo ntagondwa zimaze iminsi zihicira ugwagashinyaguro abanyagihugu ba Mozambike Ubu rero hadutse n’urwanko gwo kwanka abarundi bari muri utwo duce kubera ari impunzi kandi ari aba Kristo. Ejo haheze barafashe umusore w’umurundi baramuturiraza amapine mbere nivyo yadandaza vyose barabiturira. Dusaba abarundi bari muri utwo duce twegeranye na Mozambike kwiyubara, kugendana ubwenge no gusenga cane. Tuzobarungikira vyba cane ingingo zogufata n’ubuhinga bwo kwitabara.