Data watwese udukunda,soko y’ivyiza n’ivyizigiro Mana uvyagiye mwijuru ahinkozi zikibi zitegera kiretse zihanye izina ryawe niryubahe!Turagushimiye ukugira neza kwawe uyumusi ingene waturinze munzira zose twaciyemwo vyukuri wakoze nubihererwe ishimwe!reka nsabe ngubabarire umu mama umu papa umuhungu bo numukobwa bawe Mana muvyo twagiriyemwo bitaguhimbaye uduharire utaduharuriye uzoba ukoze!Ehe rero umaze kuduharira reka tukwiragize mwirijoro Wa Mana tuributse abarwaye barimubitaro binini nabitoya mwizina rya Yesu turahagaritse impfu kubamama bibungenze nabana bato kugira ukuboko kwawe kubabeko irijoro mpwemuwawe Yera ahishurire buri wese kugitanda aryamyeko nkweretse igihugu cuburundi nkweretse ibindi bihugu bigikikuje Wa Mana uzigame abantu bawe Bose barikumigabane ine yisi twese twigotesheje yamaraso Y’a Yesu ngo tugume mubwigobeko bwawe uzoba ukoze nukore ntabwo tuzi gusenga neza uretse twebwe naza Ntumwa vyarazisovye zirangije ziravuga ngo Mwigisha twigishe gusenga urangije urabikora natwe Mukunzi twishize mukibanza carya sengesho wabigisha tuvuga duti:Data Wa twese uri mwijuru izina ruawe ryubahwe,ubwami bwawe buze,ivyugomba bibe mwisi nkuko biba mwijuru.uduhe ivyokurya bidukwiranye uyu musi uduhebere imyenda yacu nkuko natwe twahebeye abari mumyenda yacu kandi ntutujane mubitwosha nabi arikudukize wamubi .Kuk’Ubwami nubushobozi n’icubahiro arivyawe ibihe bidashira .Amen!