Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako igisata c’abikorera utwabo mu Burundi kigoyagoya mu gihe arico gifitiye akamaro kanini igihugu kuko iyo abikorera utwabo batariko barakora ata kintu na kimwe gishobora gutera imbere.
Mu kiganiro kubamenyeshamakuru ariko ashikiriza umwihwezo bakoze kubijanye n’igisata c’abikorera utwabo,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko abikorera utwabo aribo babeshaho abantu mu kubaha ubuzi,nibo bazana ibidandazwa mu gihugu kandi aribo batuma amafaranga atembera mu gihugu.
Faustin NDIKUMANA yavuze ko ivyibonekeza aruko igisata cabikorera utwabo aho gufashwa usanga kenshi kijuragizwa kikaremerwa n’abantu bogifashije kugiteza imbere.
Faustin NDIKUMANA yavuze ati: “Aho gufasha igisata c’abikorera utwabo kugira gitere imbere ahubwo nukukiremera rimwe na rimwe utumviye ivyo bishakira bakaguma bakujuragiza. ”
Uyo mukuru wa PARCEM yavuze ko mu gihe mu gihugu ata poritike yo gushinga amahinguriro iriho nkuko biri mu bindi bihugu iyo poritike yategerezwa kubaho kuko amahinguriro aza muvya mbere bifasha mu kuduza umwimbu w’igihugu buri mwaka.