Umutumiro w’amasengesho yo kuwa 18/07na 21/07/2018
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose yo kuwa gatatu no kw’isabato (kuwa gatandatu), twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundu.
URUFATIRO
« UGUTABARWA KWUMUNTU CANKE KWIGIHUGU HAKENEWE ABAZANA INKURU Z’UKURI KANDI ZIRIMWO UKWIZERA UBUSHOBOZI BW’IMANA »
IBISOMWA:
– 2ABAMI 7: 3-9
– GUHARURA 13: 25 -33; 14: 1-8
– ABAROMA 8: 31’32
INDURIMBO
21; 36; 49; 45; 68; 93; 124; 145; 354.
Mugihe hari ukwihebura muburundi no mumarundi batari bake bitewe nubukene, inzara, ubushomeri, ugupfungwa, ukurengaywa, ubuhungiro, ubwicanyi, ubupfuvyi, ubupfakazi n’ibindi.
-Burimuntu yibaza kumisi kumisi ingengene yotabarwa akabibura.
-Bamwe bizigira abakomeye, abatunzi, abatware …..
Ariko ukaba waramenye Imana womenya ko ugutabarwa kudaca aho wiyunvira mugabo yuko kuva k’Uhoraho Imana nzima.
-Ntihasabwa igugu ry’abantu ( igitigiri c’abantu benshi) jewe nawe vyo kunda ko Imana idukoresha tugatabara ibihumbi bizigirijwe (2abami 7:3-2); kandi ngo bari abanyamibembe: inkomezi , akaranga…
* Yosuwa na kaleb bakijije benshi mugihe igugu ry’abantu ryari ryarandutse Imitima: nimbawaravuganye n’Imana ugiye gutabara mugihe benshi barandutse imitima.
*Mbe nimba Imana iri muruhande rwacu uwo turwanya ninde? (Rom 8:31-32).
▶️▶️ Mugenzi haranira kuba muruhande rw’Imana uko uri kose Imana iraje kugukoresha.
IVYO GUSENGERA
-Musengere kandi muremeshe Abihebuye, avaranduwe umutima nibihe, abacitse intege, abavuye mumasezerano,
– Musengere Abarongozib’Ihanga ry’Imana; abavugabutumwa, abaririmvyi; abadiyakoni; abavugishwa n’abakozi b’Imana batandukanye;
-Musengere kandi mushike ku impfuvyi n’abapfakazi; abapfunzwe n’abugarijwe n’ibibazo bitandukanye.
Maze dusangwe Imana-Uburundi n’Isezerano.
Bigiriwe ibujumbura le 17/07/2018.
Http//:www. abisezerano.com