Impunzi zirenga 30.000 z’abarundi zaratuhutse ziva mu makambi ya Tanzania kuva umugambi wo kubatahukana ku bushake bwabo utanguye mu ntango z’uyu mwaka.
Ingingo yo gutahukana impunzi yafatiwe mu nama yahuje Prezida Magufuli wa Tanzania na mugenzi we w’Uburundi Pierre Nkurunziza mu kwezi kw’indwi umwaka uheze, aha bahanuye izo mpunzi gutahuka
Ako kamo kariyamirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kubera hari inkuru zavuga ko mu Burundi agateka ka zina muntu katubahirijwe.
Abarundi barenga 310.000 barahunze igihugu cabo mu 2015 inyuma y’aho y’imidurumbanyo yadutse ivuye ku matati y’ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza.
Tanzania yagiye irugururira imiryango impuzni ibihumbi n’ibihumbi bahungira muri ico gihugu bava mu bihugu vy’Uburundi, Rwanda na RD Congo .
Abatabona neza ico gikorwa bavuga ko Tanzania n’Uburundi bashaka kucishimikiza mu kwereka amakungu ko amahoro yagarutse mu Burundi, n’aho amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu abandanya avuga ko agateka ka zina muntu kabandanya kutubahirizwa.
Ishami rya Onu rifasha impunzi kw’isi – UNHCR – rirashigikiye umugambi wo gutahukana impunzi ariko ntirihanura izo mpunzi gutaha.
Bamwe bavuga ko batagaruka kuera bemera ko hari amahoro ijana kw’ijana, bavuga ko bagaruka mu gihugu cabo bazi neza uko kimeze kuva bakivuka.