ZABURI : 8:1-2 Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’Izina ryawe ni ryiza mw’isi yose ! washize Icubahiro cawe hejuru y’amajuru. Akanwa k’abana bato n’abonka wagahaye gushimangira inkomezi zawe, Gutsindisha abansi bawe, kugira ng’uzibize umwansi n’umuhozi. Alleluyaaaaaaa. DUSENGE : Data wa Twese Uvyagiye Ahera cane muri kino gitondo tukuzamuriye Icubahiro n’Ushimwe Data Wera Ugize neza Udukuye mû gitutu c’urupfu twarimwo hari benshi badashoboye kubona uyu musi bavyifuza turakwinginze ng’Ushishikare kuturinda no kutuzitirira uturinde imigabo n’imigambi yose ya satani mw’Izina rya YESU KRISTO Uturinde imigabo n’imigambi yose y’abana b’abantu mw’Izina rya YESU KRISTO utwuzuze mw’inkomezi zawe Data Wera kugira tubandanye kugenda uko Ugomba tubandanye kugukorera uko Ugomba uyu musi bize kumenyekana kuri Imana Ikomeye cane kubakwizigiye Twese Icubahiro kirushirizeho kuba Icawe mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.