Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatunganije inama na ba buramatari b’intara

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yatunganije kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2018,inama na ba buramatari b’intara zose z’Uburundi bimwe muvyo barabiye hamwe bijanye n’umutekano,gukingira ibidukikije ,ibijanye n’umusi wahariwe amakomine ,gufatana mu nda hamwe n’ibindi.

Muriyo nama ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakeje ba buramatari bashasha baherukwa gutorwa yongera abasaba gufata abo basubiriye nk’abahanuzi.

Iyo nama yabereye ku murwa mukuru w’intara ya Gitega yitabwe kandi n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,umushikiranganji wo gufata mu nda, hamwe n’umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubwurozi.