Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Australie ,Malcolm TURNBULL yasavye umwungere mukuru wa Ekereziya Gatorika kw’isi Papa Francis kwirukana muriryo shengero, umusenyeri mukuru waryo muri Australie, Philip Wilson yagirijwe n’ivyiha vyo kunyegeza amakuru ajanye n’ ibikorwa vy’ihohotera rishingiye ku gitsina umupatiri yakorera abana b’abahungu.
Amakuru dukesha BBC amenyeshako umushikiranganji Malcolm Turnbull yavuze kwiki arico gihe kandi hageze kugira Papa yirukane ubwiwe uyo musenyeri mukuru wa Ekereziya Gatorika mu gihugu ciwe.
Malcolm Turnbull yavuze ko hari abakuru benshi bo murico gihugu bamusavye ko yotanga imihoho biragaragaza ko akwiye kwiyirukana mu mabanga ajejwe.
Mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka wa 2018 niho Philip Wilson, musenyeri mukuru wa diyoseze ya Adelaide, yagirijwe icaha co kunyegeza ibikorwa bijanye n’ihohotera rishingiye ku gitsina umupatiri yakorera abana b’abahungu b’abakorezi.
Igihe cose c’urubanza , Philip Wilson yavuze ko atigeze amenya ivyo padiri James Patrick Fletcher yakorera abana b’abakorezi mu myaka y’i 1970 mu gace kitwa New South Wales.
Philip Wilson abaye umusenyeri mukuru muri ekereziya gatorika wa mbere kw’isi yagirijwe ivyaha na sentare ariko we yavuze ko azokunguruza urubanza.