Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’ abaremerewe, ndabaruhura.

MATAYO 11:28-30 Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’ abaremerewe, ndabaruhura; 29mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.30Kukw’ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse. Alleluyaaaaaaa Alleluyaaaaaaa. Uyo s’umuntu asanzwe ariko avuga ivyo, ni YESU KRISTO Umucunguzi wacu muremeke vyose arabishoboye guko vyagaragariye k’Umusalaba i gologota. Ukaba urushe ukaba unaniwe, ukaba ubuze uko ubigenza bibwire vyose YESU niwe Mukunzi wawe ntawundi ni We We Nyene Abishoboye. DUSENGE : Turagushimiye Mana Yacu Mana Nyen’ijuru n,isi Mana Nkuru Uteye ubwoba ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ijambo ryawe, Wabanye natwe Watuzigamye n’Uhabwe Icubahiro Data, n’ubu turakwinginze wumve ugusenga kwacu ibitunanije ni vyinshi ibituremereye ni vyinshi turabigutuye Mukiza Mwiza tabara abarushe abaremerewe abagowe impahazwa ababoshwe abarwaye abapfakazi impfuvyi n’abo Bose babuze uko babigenza bigenze neza Mana Ukomeye cane natwe tuzogushimisha imitima yacu yose, Uyu musi ubwoko bwawe tubone ikiganza cawe, ni mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.