Igisirikare c’Uburundi FDNB(Force de Defense Nationale du Burundi) kimenyeshako ata murwi canke abantu bitwaje ibigwanisho kirabona k’urubibe igihugu c’uburundi gihana n’igihugu c’Urwanda.
Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Floribert BIYEREKE rimenyeshako ibikorwa vyo kukizigura bikorwa n’abasirikare b’Uburundi bari k’urubibe ivyo bihugu bihana ata kintu na kimwe canke ikimenyetso barabona c’abantu bari k’ubutaka bw’Uburundi bakora ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi.
Muriryo tangazo Floribert BIYEREKE asaba ingabo z’igihugu ziri ku mbibe z’igihugu kurikanura kugira bakingire neza agataka k’Uburundi.
A reblogué ceci sur Peuples Observateurs Avant Garde Togolaise et Africaine.
J’aimeJ’aime