Abantu 14 nibo bafashwe n’igiporisi ahitwa ku Mugina mu ntara ya Makamba ejo ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 22 Mukakaro 2018,bajanywe mu kinyegero mu gihugu ca Oman.
Amakuru dukesha urubuga rwa twitter rw’igiporisi c’Uburundi amenyeshako murabo 14, 12 ari abakobwa abandi 2 nabo ari abahungu.
Ayo makuru avuga ko amatohoza aza yatanguye kugira abari inyuma y’urwo rudandazwa rw’abantu bamenyekane.