Inama y’umutekano y’uburundi ivuga ko abategetsi b’urwanda bamaze imisi bashikiriza imvugo zitabereye ku Burundi.
Iyi nama yiyamiriza kandi iyirukanwa ry’abarundi baba mu gihugu c’u Rwanda rimaze imisi ryibonekeza.
Biri mw’itangazo iyo nama yashikirije kuri uyu w’imana rikaba ryasomwe n’umukuru w’iyo nama y’umutekano Silas Ntigurirwa.
Agira ati :«Inama nkuru y’umutekano irateye ivyatsi iyo nyifato itubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga imbibe z’igihugu hamwe n’ayagenga agateka ka zina muntu».
Umukuru w’inama y’umutekano ariko ntadoma urutoke kuri izo mvugo zitabereye abategetsi b’urwanda boba barashikirije.
Muri aya mezi abiri aheze, abarundi baharurwa mu majana baba mu rwanda barirukanywe n’ubutegetsi bw’ico gihugu ku mvo zitarashirwa ku mu garagaro.
Bamwe mu birukanywe bagiriza abategetsi b’urwanda ko babanyaze utwabo.
Twarondeye abategetsi b’urwanda ariko ntiturabaronka.