Umuntu umwe niwe yaraye apfuye abandi babiri nabo barakomeraka mw’ijoro ryo kuruyu wa mbere buca ari kuruyu wa kabiri ku musozi Kamaramagambo inyuma yo kugwako n’impome zaho bariko barimba barondera inzahabu.
Ayo makuru amenyeshako uwitwa Jules GIRUBUNTU ariwe yapfuye naho abakomeretse akaba ari abitwa Nduwimana na Niyonshikanwa.
Bivugwako abo bakomeretse baciye bashikanwa kw’ivuriro ry’i Kamaramagambo kugira bavugwe.