YESAYA 8:9-11 Ni mukorane, mwa mahanga mwe: ariko muzovunagurika; tega amatwi, mwebwe mwese bo mu bihugu vya Kure: mukenyere, ariko muzovunagurika! Mukenyere, ariko muzovunagurika! Ni muje inama, ariko zizopfa ubusa; ni muje ingingo, ariko ntizoshika, kukw’Imana iri kumwe natwe. Kukw’ Uhoraho ambariye artya, anshizek’ukuboko kw’inkomezi, anyihanikiririza ngo singendere mu nzira y’ubu bwoko, Haleluyaaaaaa bwoko bw’Imana Yacu, abansi bawe canke abakurwanya naho bokorana gute, naho bogukenyerera gute,bizoba ubusa gusa naho bo kugira inama gute bakagufatira n’ingingo ivyo vyose bizopfa ubusa, niko Uhoraho Nyen’Inganji Agize, Agushizeko ukoboko kw’inkomezi, Uhoraho Nyen’ingabo Abe ari We wemera ko Yera, Abe Ariwe Akubera Agahambaye Abe ariwe akubera Igiteye ubwoba. DUSENGE : Turagushimiye Mana Yacu tugushimiye Ubuntu n’ imbabazi Utugiriye udukuye mû gitutu c’urupfu twarimwo n’Ushimwe Muvyeyi Mwiza, ur’Imana Yacu Imana Nyene inkomezi zose Nyene ububasha bwose Nyene amahoro iyava akagera, Imana Idatetereza, nico gituma tukwinginze, tuguhanze amaso tugutarikiye ibiganza,uyu musi Utubere Imana nya Mana ni Wewe twizigiye Mukiza, bize gusobanuka kuri kumwe natwe kandi kuri mu ruhande rwacu, Icubahiro n’Inganji no Gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.