Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose yo ku wa gatatu na Samedi, twama dufise amasengesho yo gusengerau Burundi n’abarundi.

HARIHO ABARONKA UMUTUMIRO W’AMASENGESHO BAKAYITABIRA KANDI BAKAYAHEZAGIRIGWAMWO. HARI NABANDI BADUSIBA NGO DUTA JMWANYA CANKE NGO TUBATURIZA AMAJAMBO IVYO VYOSE NI IVYIZA VYAMASENGESHO KUKO AFISE IKIMAZI.

URUFATIRO

~~~~~~~~

« WAME WATURA IVYIZA. NTIWIFATANYE NABATURA IBIBI CANKE INKOZI ZIBIBI »

IBISOMWA:

-GUHARURA:14: 28

– IVYAKOZ 3:6-8

– ESITERI 6: 13; 7:10

– 1ABAMI 17:1 ; 7 ; 21: 17-19; 22: 34- 38

INDIRIMBO

~~~~~~~~

49 ; 325; 272; 81; 90; 100; 158; 186

IVYO MPWEMU AHISHURA

Abantu benshi bari mungaruka y’amajambo ubwabo batuye haba kuribo ubwabo canke kubandi:

– Ugasanga umuvyeyi yatuye ibintu kumwana emama ngo ni ikijuju, ntakomeye ; umugabo akatura ibintu kumugore canke umugore kumugabo; kugihugu; kubarongozi -Muvy’Imana: ba pasitori ; kuba patiri ….. Uhoraho arirahiye ati ivyo yabumvanye nivyo azobakorera (guharura 14:28); buri ijambo ryose riserutse rivuye mukanwa kacu rigira ingaruka nziza canke mbi.

*Eliya ati ntanvura biba bityo;

*Rahabu abwigwa ko azopfa kucaha yakoze mu kwica Naboti biba uko ;

*muka Hamani abwira umugabo ko azocunaguzwa biba uko (Esiteri 6:13; 7:10);

*Petero na Yohana babwira iki muga ngo haguruka biba kuno(ivyakoz3:6-8)….

Ikibazo mbe amajambo we watura kuri wewe, kuba du, no ku gihugu ameze gute? Ivyo urimwo ntabwo woba waravyoyatuyeko? Weho ntawe watuye ko bibi? Ugatsindwa ihane. Fata ingingo wature ivyiza.

IVYOGUSENGERA

*******************

-Abarongozi b’Ihanga ry’Imana

-Abari mubikogwa bitandukanye vyihanga

– Abatuweko bibi

-abavumwe nabavyeyi

– abatandukanye n’imiryango yabo

– ababoshwe nimivumo itandukanye

-Abapfunzwe, impunzi, abashonje, abari mumutekano muke, abanugaye n’abageze muzabukuru, impfuvyi n’abapfakazi.

Ni dusangwe Imana- u Burundi n’isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura le 24/07/2018

Http//:www.abisezerano.com