RDC: Jean Pierre BEMBA yashize ahabona igenekerezo azoshikira mu gihugu ciwe

Umunyeporitike wo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo aheruka kwezwa na sentare mpuzamakungu mpana vyaha y’i LaHaye ,Jean Pierre BEMBA yamenyesheje ko kw’igenekerezo rya 1 myandagaro 2018 azosubira mu gihugu ciwe kugira atanga ibisabwa kugira azohiganirwe ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe muri kigarama uyu mwaka wa 2018.

Amakuru dukesha RFI amenyeshako mu kiganiro Jean Pierre BEMBA yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kabiri yavuze ko azoja mu bazohiganirwa ikibanza mu matora y’umukuru w’igihugu kandi vyari mu nteguro yiwe kuva agifungiwe i LaHaye.

Jean Pierre Bemba yavuze ko azokora ibishoboka kugira habe ubumwe mu batavugarumwe na Reta kuko ariyo nzira yohindura ibintu mu bihugu.

Jean Pierre BEMBA yavuze ati :«Dushaka ibihinduka mu gihugu dutegerezwa guca mu bumwe,abatavugarumwe na reta tugaserukirwa n’umuntu umwe mu matora.»

Uyo munyeporitike yavuze kwazoshigikira umuntu wese azoba yatowe ngo aserukira abatavigarumwe na reta mu matora naho atoba ariwe.

Murico kiganiro yatanze Jean Pierre BEMBA yabeshuje amakuru avuga ko ashaka gufata inzira y’intambara.

Jean Pierre BEMBA yavuze ati :« Umugambwe wanje MLC n’umugambwe ukora ivyaporitike ntabwo ari umuhari w’abagwanyi »

Jean Pierre BEMBA afise imyaka 55 ni we yashinze umuhari MLC (Mouvement de Libération du Congo) mu nyuma uza guhinduka umugambwe wa poritike ari nawo azoserukira mu matora yimirije mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.