ZABURI 33:20-22: Imitima yacu yiteze Uhoraho ; Niwe mutabazi wacu n’inkinzo yacu. Imitima yacu izomunezereregwa , kuko twishimiye izina ryiwe ryera. Uhoraho, imbabazi Zane zitubeko nkuko tukwiteze. Alleluyaaaaaaa.
DUSENGE : Mana Yacu, Uhoraho Mana y’Imbabazi Uvuze biraba Utegetse birakomera Turagushimiye Mutababazi Mwiza Wategetse tubonye uyu musi Data Wera ivyari bibundiye ubugingo bwacu vyari vyinshi ariko Watuzigamye tuvyutse turi bazima n’Uhabwe Icubahiro Data n’ubu Shishikara kuturinda Imbabazi zawe zirushirizeho kudutwikira inkomezi zawe zirushirizeho kudutwikira no kutuganza ivyo vyose vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro ubiduhere Ubuntu uyu musi bimenyekane kuri Imana yacu Kuko uturagije ijisho ryawe rihambaye ni mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.