Umuvuzi yitwa Jean SIBOMANA yafashwe n’igiporisi mw’ijoro ryo ku wa kane buca ari kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Mukakaro 2018 inyuma yo gufata ku nguvu umwigeme yararwaje umuntu.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kurwanya ibiza, Pierre NKURIKIYE amenyeshako Jean SIBOMANA yafashwe isaha zine z’ijoro mu bitaro vy’i Mutaho biri mu ntara ya Gitega.
Ayo makuru avugwako ubu Jean SIBOMANA ari mu minwe y’igiporisi.