Mukarere kibiyaga binini abasenga baravugishijwe intambara izotandukira ibihugu vyinsi. Hari n’abavugishwa bakoresheje imvugo ngereranyo bagira bati uburundi buzocika ivumbi nayo uRwanda ruzoba ivyondo bitakanze. Bivugwa yuko hazopfa abantu benshi mu Burundi , mu Rwanda no mûri Congo. Ivyo hariho abantu benshi babirindiriye naho batazi uko bizogenda. Imbarutso zagumye zirondegwa aho uRwanda rwagiriza uburundi yuko rubitse interahamwe uburundi bukabihakana. URwanda rwahavuye rwigisha ivyagisirikare urwaruka rw’impunzi z’abarundi rubarungika gutera uburundi. Rwasa nurubasutse kw’icumu. Ntigwagejeje aho rwagize ruti abateye bavuye mu kibira ca Nyungwe baturutse i Burundi. Uretse yuko abasirikare b’uRwanda binjiye mu gihugu c’Uburundi bakica umunyagihugu mbere bagatwara n’uwundi nkimbohe, ubu naho rwafashe indege yarwo y’intambara ivogera uBurundi ku bilometero 4 isuma urusaku aho abasirikare b’Abarundi bari. Ikibazo ni none vyukuri Urwanda ruriteguye gutera uburundi ngo General Paul Kagame abe umwami w’uRwanda n’uBurundi?
Ibimenyetso vyovyo birigaragaza yuko intambara iguma itutumba mugabo abantu baribaza bati ni ryari bazokozanyako?
Abategetsi b’Abarundi nabo kuruhande rwabo baregeranije ivyabona, ubu mbere bakaba biyambaje ingabo zakarere ngo zishikire mu gihugu zirabire agasotoro abategetsi b’uRwanda bagirira uburundi.
Mu gihe urwego ruhuriyemo ingabo zo mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga bigari zakora iperereza ku birego vy’uko indege y’u Rwanda yavogereye ubutaka bw’uburundi, abayobozi b’u Burundi bo barahumuriza abanyagihugu babo babawira ko bari maso kandi biteguye guhangana n’umwansi.
Abemera ubuvugishwa baribaza yuko iyo ari yantambara yavugishijwe iriko irategugwa canke yuko hoba hari iyindi. Uratse ikibazo abantu bibaza bati hagati y’uBurundi n’uRwanda ni nde yotsinda uwundi? Abanyarwanda bati twarateye Kongo tuyigira uko dushaka kandi ari igihugu kinini uburundi ntibuzotunanira. Abarundi bati mwanguha uRwanda muntambara rwarwanye n’uBurundi kuva na kera ku bami ntanimwe rwigeze rutsinda kandi nubu turiteguye tuzobamesa.
Abazi ibintu n’ibindi, barabona yuko iyi ntambara yoba iyo uRwanda rushigikiwe n’Ubwongereza , ubufaransa, ububiligi na Amerika; uBurundi nabwo bushigikiwe n’ibihugu bitari bike vyo mukare hamwe n’uburusiya, ubushinwa, turukiya n’ibindi bihugu vyabarabu. Murumva yuko izoca iba intambara y’isi yose. Reka tubitege amaso.





ayo mubona ni amafoto y’abasirikare bo hanze mukarere bari kumwe n’abasirikareb’abarundi muri Commune Kabarore.