Gitega-Rukoki:Abantu 36 bakomeretse bagonzwe n’imodoka

Abantu 36 nibo bakomeretse inyuma yaho imodoka igonze abantu bari mu gikorwa co gusenga kuruno w’Imana kw’ibarabara inomero 8 riva i Gitega rija mu Rutana ku musozi Rukoki muri komine ya Bukirasazi igihe c’isaha 10 z’umuhingamo.

Amakuru avuga ko imodoka yo mu bwoko bwa hiyasi ifise imparati B5991A yagonze abantu bari mu birori vyo guhana ibisigarira vy’umweranda Therese umwana wa Yezu hagati y’umwepisikopi wa Gitega hamwe nu wa Rutana.

Ayo makuru avuga ko abakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro vy’i Kibuye vyo mu ntara ya Gitega.