Ibimenyetso vy’ibihe: Ikigo NASA co muri Amerika carungitse icogajuru Parker ku zuba

Ikigo ça Leta Zunze Ubumwe z’Amerika gishinzwe ibijanye n’ivyogajuru n’ubumenyi bw’ikirere, catangaje ko carungitse icogajuru kigamije kugera hafi cane y’izuba hatari harigeze hagerwa imbere.

Roketi itwaye iki cogajuru yitwa Parker yatumbagiye mu kirere ihagurukiye i Cape Canaveral muri leta ya Florida. Cahagurutse ku isaha ya saa cenda n’iminota 31 z’ijoro ku isaha yaho.

Ibi bibaye inyuma yaho ku munsi wabanje, kugerageza kurungika iki cogajuru bitari vyakunze ubwo impururuza yatanzwe ku munota wa nyuma yatumye iki kigo kitubahiriza igihe cy’iminota 65 cari cihaye y’uko ikirere kimeze yari myiza yo guhaguruka.