* IVYAVUYE KU MISOZI Y’AMASENGESHO N’IBICANIRO*
Ku bicaniro bitandukanye Ihanga ry’Imana rifitiye mu gihugu hagati, mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi hamwe no mu makungu, havuye ubuvugishwa, imburi n’ubuhanuzi bukurikira:
1. – “Abizera Imana Uhoraho bose aribo banizera yuko Imana yigize umuntu akitwa Yesu Kristo yapfuye akazuka hanyuma akaduga mw’Ijuru; bose basabwa gukizwa vy’ukuri, ukwihana, ukwitunganya n’ukwiyeza, kandi bagakwiza ubutumwa bwiza yuko Uhoraho Imana y’amasezerano igiye gushitsa ico yabasezeraniye kuva kera”.
Ubuvugishwa bubandanya buvuga buti:
2.-“ Barundi mwese baba abari mu gihugu canke abari mu makambi y’impunzi canke abari mu mahanga mungo zabo, Imana iraje gutabara impahazwa, izanye inkota mu Burundi, mu Rwanda, muri Congo, muri Tanzaniya,muri Uganda n’ahandi hari ibigabitanyo..Ni mwisengere kandi musengere imiryango yanyu”
Uhoraho Imana, Yehova Yire yagize iti:
3.-“ Ni mwisengere kandi musengere imiryango yanyu iri mu gihugu c’Uburundi, igihugu c’URwanda, igihugu ca Kongo, igihugu ca Tanzaniya nic’Ubuganda kuko hose hagiye guca umumarayika w’Imana azosangangura ibicaniro vy’ibigigwamana n’ivyikakisha bikishira hejuru vyose, maze uwo mu marayika akaba ari nawe agiye gutobora iriba ry’ikanguro mu Burundi.”
Kuri iyo mburi, ubuvugishwa n’ubuhanuzi hiyongerako ibi vyavuye ku gicaniro co muri Kongo: “k’umusozi Imana yaturungitseko gusenga kuko twabwiwe yuko ibihe biza aribibi cane ngo dusengere cane ukwezi kw’icumi narimwe ko hagiye kuza intambara iteye ubwoba aha muri congo. Kandi ikaba igiye kuba no mu Burundi no mu Rwanda ahizoshika muri Tanzania, Uganda… N’ubu Imana ikaba yasubiye kubitwibutsa nko mu minsi yahera. Imana yatubwiye ngo dusengere imiryango yacu natwe ngo tube kw’izamu kugira ngo Idusohoreze Isezerano ryacu kuko igihe ariki nyene… Kandi ngo ntitugire ibwoba kuko Imana ariyo irungitse Umumarayika wayo azanye inkota ikarishe gutikiza…. niyompamvu Imana iriko irakoresha abamarayika bogusemerera ngo abantu bihane, bahinduke maze bezwe … Vyaribikomeye cane kandi biteye ubwoba ku buryo twese twavuye ku musozi tujugumira kandi tunezerewe.🙏🙏🙏” Muntu usoma iki cegeranyo, ntitukubwira ivyavuye mumasengesho ngo tukurandure umutima ahubwo ni ku neza yawe n’umuryango wawe.
Hanga ry’Imana namwe mwese musoma iki cegeranyo c’ivyavuye k’umisozi y’amasengesho ntaco twongeyemwo canke ngo dukuremwo. Ico twobabwira ni uko twebwe Ihanga ry’Imana twemera yuko ivyo Imana yavuze vyose yuko bizoshika. Kandi yuko “ muzomenya yuko ubuvugiswa ari ubwo ukuri ari uko busohojwe”
Isomere Gusubira mu vyagezwe 18: 22. Yeremiya 28:9. Reka dusome Ezekiel 13:6 “ Abavuga ngo niko Uhoraho agize kandi Uhoraho atabatumye beretswe ubusa bo n’indagu z’ibinyoma kandi bizigiza abantu yuko ijambo ryabo rizoshika”…
Hanga ry’Imana turazi twese yuko Imana yumva, ikavuga kandi yishura. Muyumvire kandi mwizere Ijambo ryayo. Abo yahagurukije baraca bugufi bakayibaza kandi nabo bagaca basuzuma ubuvugishwa bwose. Mwumvirize vyose, kandi mujane n’abatinya Uhoraho, bakubahisha Imana imitima n’imibiri yabo. Muhezagirwe!