ZABURI 34:7-10 Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, Akabarokora. Ni mwunvirizeko, mumenye yuk’ Uhoraho aryoshe: Hahirwa umuhungirako. Ni mwubahe Uhoraho, yemwe abera biwe, Kukw abamwubaha batagira ico bakena. Imigunza y’intambwe ishobora kuburanirwa no gusonza, arikw abarondera Uhoraho ntibazogira ico bakena. Alleluyaaaaaaa bwoko bw’Imana, wubahe Imana wicishe bugufi imbere y’Uhoraho,Imana yacu Irera, Irashaka ko natwe tuba abera kugira ngo itwubahishe idukorere vyose iduhe vyose. DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu Ushagaje impande zose zabakubaha n’Ushimwe Shishikara kuturinda uyu musi bize kumenyekana kuri mû ruhande rw’abakubaha niwewe duhungiyeko uyu musi ni wewe twizigiye kuko abakubaha batagira ico bakena kandi badashobora kumaramara ivyo vyose vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro urabiduhere Ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.