Umukuru w’igihugu yashize umukono kw’itegeko ribuza ukwinjiza mu gihugu , ugukora , ukudandaza hamwe no gukoresha amasashe n’ibindi bitekezo bikozwe mu kamwanya.
Mw’itegeko inomero 100/099 ryo kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2018 rimenyeshako ukwinjiza mu gihugu , ugukora ,ugushingura,ukudandaza hamwe no gukoresha amasashe yose hamwe n’ibindi bitekezo bikozwe mu kamwanya bibujijwe.
Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu rivuga ko urutonde rw’intango rw’ibikoresho birekuriwe kudakurikiza iryo tegeko ni nk’imifuko canke ubushashe bukozwe mu kamwanya bishobora kubora,ibikoresho bikozwe mu kamwanya bikoreshwa kwa muganga hamwe n’ibikoresho bikozwe mu kamanya bikoreshwa mu mahinguriro no gutekera imiti.
Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ribandanya rivuga ko uwuzoba yipfuza gukora,kudandaza,gukoresha isashe canke igikoresho gikozwe mu kamwanya ategerezwa kubisaba abicishije mu rwandiko yandikiye umushikiranganji ajejwe ibidukikije.
Ikiringo c’amezi 18 nico gitanzwe kugira iyi ngingo itangure gushirwa mu ngiro mu kurundira ko ibikiri mu bubiko hamwe n’ivyakozwe bihere kudandazwa canke gukoreshwa.