Uwitwa Ndagijimana batazira Ndigi niwe yaraye apfuye inyuma yaho abagizi ba nabi bateye ibisasu ntezwantoke 2 kurugo rwiwe igihe c’isaha zine z’ijoro ryo kuruyu wa mbere buca ari kuruyu wa kabiri ku musozi Munzenze komine Kirundi mu ntara ya Kirundo.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako uyo Ndagijimana w’imyaka 55 yapfiriye kw’ivuriro ryahitwa Kigozi aho yariko avurirwa.
Ayo makuru avuga ko igiporisi cafashe uwitwa Leopold BASHIRAHISHIZE w’imyaka 29 yagavye ico gitero.
Bivugwako imvo z’ubwo bwicanyi ari izijanye n’uburozi kandi hari haheze ikiringo c’umwaka urwo rugo rutewe igitero nk’ico.