*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Abarundi bose n’Uburundi y’ejo na Samedi*
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwagatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundi.
Abarongozi b’Ihanga ryera ry’Imana bakomeza kuronka ubutumwa bwo kubatera intege buvuye mu mpande zine z’isi, aho baboneye amateshwa yandikwa n’Abarundi bataye umurongo mukwihisha inyuma y’amacakubiri y’amoko, intara, amadini n’ivyiyumviro vy’Imigambwe. Ubwo butumwa bugira buti: “Bakozi b’Imana nukuri Yesu Kristo niwe ntsinzi yabizera bose abatibiya nibeshi n’abagwanya amasezerano ka bayiyitirira baribonekeza mukwandika ibitagira mvura kungurukana bumenyi. Harya mutanga amakuru yo mubihugu n’ayo ijuru hari inyererezi zumva ishari n’inzigo zikama zirondera guhungabanya umugambi w’Imana. Ariko Imana yo mw’ijuru niyo izotuma bikunda mwizina rya Yesu Kristo. Mukomere , murememe ntimunyiganyige kuko ubutame bwanyu subwo ubusa Mumwami. Bazovuga , bandike baruhe babone yuko ivyo bakora ari ipfagusa. Mwame mumenya yuko igite cejeje arico gitungwa intoke mbere no gutegwa amabuye“
URUFATIRO.
« IHANE UREKE GUTA UMWANYA KUKO UGUTWI KW’ISUMBA VYOSE GUHORA KUBAGOROROTSI”
IBISOMWA
Mt 2:19-20
Daniel 9:20-23
Daniel 10; 10-12
Umisiguzi 12:13-14
Kuvayo 2:23-25; 3: 7-9
INDIRIMBO
49; 36 ; 64; 68;100; 124; 147; 150
Ushobora kuba umaze igihe usenga, ubabaye urushe , ukibaza uti mbe Imana nsenga iri hehe? Abanyisaraheri bamaze igihe kirekire bacurwa bufuni na buhoro; bararira ; baratakamba ;baraboroga ; iminiho yabo imana irabunva iramanuka irabatabara.nawe itangazo nuko farawo yahora akurwanya yapfuye. Imana ititaye kugihe ikibazo cawe kimaze iraje kugutabara.amasengesho yawe yarunviswe.igihe Herode yapfa Yosefu yaciye abwirwa guhungukana umwana nanyina. Nawe ushobora kuba warahungishijwe naherodi, ibibazo, indwara , inzara, kurenganywa…. Herodi yakirwanya ya pfuye akira kwidegemvya.
IVYOGUSENGERA:
-IMPUNZI
-ABAGWAYE
-ABASHONJE
-ABA PFUNZWE
-ABAKURU BIHANGA NIHANGA RYOSE
-ABATAGIRA SHINGE NA RUGERO
-ABIZIZIWE NIMPWEMU MBI ZO KUGWANYA UMUGAMBI W’IMANA.
Nidusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura le 14/08/2018
abisezerano.com