Twame Dusengera ingo zacu! Twame twiyubara cane. Terefone zarahinduye abantu. Ububeshi-ubusuma-ubusambanyi-ubwicanyi- n’ibindi. Abubakanye mungo basigaye bahendana cane. Abagore benshi basambanira kuma appels videos n’abagabo nukonyene. Terefone yarasubiriye wamugani ngo: * »Agafuni kabagara ubumwe nakarenga »* Abantu ntibakiramukanya muhira ubucuti bwaratitutse. Iyo mugiye kuramukanya naho wumva ngo * »urambabarira hariho umuntu mfitaniye programme🙈 »* mwagumana naho * »Ukabona acuritse umutwe muri terefona canecane whatsup »* . Niwewe nahisemwo uno musi. Nagira ngusabe niwaba ugiye kuramutsa uwo ukunda, kubera wamuhaye umwanya uzokwirinde kuguma uri kuri terefone. Muganire muryoherwe. *Yemwe Bagabo* *Yemwe Bagore* Muriko mukoza isoni Imana yabaremye🙉🙉 Imibiri yanyu n’Ikimazi c’Imana nzima koko? Nimwaba mwizera Imana -musenga mwiruhiriza iki gutukisha izina ry’Imana ko benshi musigaye mugira ama appels Videos mwambaye ubusa- musambana. Musigaye muryoherwa no kwerekana ubusa bwanyu. Ayo ma appels videos-ayo mafoto mwambaye ubusa n’ibindi mukorera kuri terefone Birabitswe ahantu. Imana Izobibahanira kuko nigisesema k’Uhoraho. *Nuko rero uwabikoze wese yihane agaruke ku Mana.*