
Umusi umwe,umugabo yateguye urugendo rwo mu bwato n’abagenzi biwe.Bafata ubwato bagenda bariryohera baraba ivyiza Imana yaremye.Bageze hagati mu kiyaga,ubwato butwagwa n’umuyaga mwinshi.
Umuntu wese agerageza uko ashoboye kugira arokoke mugabo biranka,bihera bwa bwato bubaroshe bose mu nyanja!!!!!!Abari kumwe na wa mugabo bose barapfa,ariko we atwarwa n’ikintu kireremba camufashe mu mpuzu kubera umuyaga mwishi kiramujana kimuta ku kazinga kari kure cane.
Atoye ubwenge yisanga ari wenyene aho hantu hatagira umuntu n’umwe ntihagire igikoko na kimwe,uretse udukoko dutoduto dutaragurika n’ibimera.Mu ntuguta nyishi n’icuya vyamutembako,agerageza kwiyubakira akazu k’ivyatsi yugamamwo izuba akararamwo mw’ijoro. Ahamara imisi myishi atunzwe n’ivyamwa vyo kw’iryo zinga, *arateba ariyakira,ivyamubayeko aravyiyibagiza.Yari yaratakaje ivyizigiro vyo kuzongera kubona isi y’abantu n’iyo botuma baba abansi biwe!!!Ubu buzima yaratevye arabumenyera n’aho nyene ibihe bibi bitamenyerwa*.
Igihe cose bugorovye yaca acana umuriro imbere ya ka kazu kugira yisusurutse.Umusi umwe,yaracanye,arotsa udukoko yafashe,aradufungura,agatiro karanduruka karamufata noneho akorokera mw’itiro ry’ubutikoma!!!! *Igicugu kigeze hagati,yakanguwe n’ubushuhe burenze atari amenyereye,agize arakebuka asanga ka kazu kiwe kamaze gusha n’impuzu yambara hejuru zahiye* 😢😢😢 . Uno mugabo ntiyihanganye yaciye aturika akoma induru atuka Imana ati: * »Wa Mana we y’inkozi y’ibibi gusa!!!!Ko wantandukanije n’umuryango ukica abagenzi banje bose,ugaca uza kunta muri kano gahinga ka Nyaganande,n’iki gitumye uza kunturirira akazu n’uduhuzu ko nari narakwihoreye????Kuki uri imana ikara???Tuma unyica bihere vyose hako uguma umbabariza kw’isi!!! »*
Amara ijoro ryose *atuka Rurema ko ari mubi!* Mu mutwenzi,abona akato gatoya kariko karaza kanyaruka cane gatumbereye aho ari,kamushikiriye ariruka akubita inkoro imbere y’uwugatwaye aramubaza ati:
* »Bigenze gute kugira mushike ngaha ko ata bantu bahashika uretse abo Imana yahanye? »*
Umusoza aramwishura ati: * »twabonye umuriro mwishi twibaza ko ari ubwato bwa bagenzi bacu buhiye duca tuza tunyaruka kubatabara,none nawe Imana irakwibutse, fata akanya uyishimire kuko mu kugutabara yaciye ku muriro*,duca tugenda tukujanye.
Wa mugabo aca akubita inkoro hasi arasemerera ati *Mana yanje,ndagusavye imbabazi ko nakurogoseko,kandi mbonye ko utobura inzira ucamwo kugira utabare umwana wawe!Kuv’ubu ndabonye ko udakora uko abantu twiyumvira.*.
*Icigwa*: *Imana yacu ifise uburyo bwinshi cane bwo kwishura imitwaro yacu,tuyizere gusa,tuyigamburukire izoducira inzira ku mazi,itwubakire hagati y’inyenyeri,idutembeshereze amazi mu bugararwa.*